Arusha: Ibiganiro vy'Abarundi Vyabaye Ingorabahizi

Ibiganiro bihuza Abarundi birabandanya i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya

Abarundi bahuriye mu gisagara ca Arusha kw’igenekerezo rya 26 ry’ukwezi kwa cumi na rimwe gushika ku musi wa gatanu itariki 8 y'ukwa cumi n'abiri mu yindi mishikirano y’incuro igira kane.

Kugeza ubu, ntibashoboye kwicara hamwe amaso mu yandi kugira ngo bapfundike amasezerano ntabanduka.

Ku musi wa kane, ibiro vy’umuhuza vyaratangaje kw’ata masezerano nyezina azova mur’iyo mishikirano. Vyasiguye ko ariko hategekanijwe icegeranyo c’ibintu nyamukuru vyashikirijwe n’abari mu mishikirano.

Kur’ivyo biganiro bitangeze neza cane, umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije yarabajije Frederic Bamvuginyumvira, umukuru w’umugambwe FRODEBU, ikintu yibaza catumye ivyo biganiro bitagenda neza.

Your browser doesn’t support HTML5

Frederic Bamvuginyumvira avuga ku biganiro

Frederic Nkundikije yaravuganye kandi n’umuhuza w’Abarundi, Edouard Nduwimana ico yibaza catumye ibiganiro bitagenda nk'uko vyari vyitezwe. Nawe yari mur’iyo mishikirano i Arusha.

Your browser doesn’t support HTML5

Nduwimana Edouard aravuga ku biganiro