ONU Itumyeko Inama Yihutirwa Ku Ngingo ya Trump

Ahabera inama ya ONU ijejwe umutekano, i New York

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi itegekanya gukorana mu nama yihuta kur’uyu wa gatanu ngo yige ku ngingo yafashwe na Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yo kugena Yerusalemu kuba umurwa mukuru wa Isirayeli

Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa gatatu n’intumwa y’Ubuyapani muro ONU busanzwe aribwo buyirongoye mur’iki gihe.

Iyo nama yasabwe n’ibihugu 8 kuri 15 bigize ako kanama. Ivyo navyo ni bine vyo ku mugabane wa Bulayi - Ubusuwede, Ubufaransa, Ubutaliyano hamwe n’Ubwongereza - Bibiri vyo ku mugabane w’Amerika y'epfo ari vyo Boliviya na Uruguay – hamwe na bibiri vy’Afrika – Misiri na Senegal.

Ivyo bihugu vyasavye ko iyo nama izokwugururwa n’ijambo ry’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres.