Irani Iragandarira Abishwe na Nyamugigima

Abaririra ababo bahitanywe na nyamugigima mu gisagara ca Sarpol-e-Zahab, mu burengero bwa Irani.

Igihugu ca Irani catangaje ko kur’uyu wa kabiri ar’umusi wo kugandarira abahitanywe na nyamugigima yo ku w’Imana yabereye mu misozi yo ku rubibe na Iraki.

Iyo nyamugigima yapima manyitide 7.3 yishe abarenga 400 ikomeretsa abandi ibihumbi indwi ku ruhande rwa Irani, mu gihe Iraki yatakaje abayo bashika indwi.

Benshi mur’abo bapfuye baba mu gisagara ca Sarpol-e-Zahab, kirwiriyemwo Abayirilamu bo mu bwoko bw’Aba kurde baba mu ntara ya Kermanshah muri Irani.

Iyo nyamugigima yabaye mu masaha yitereye ku musi w’Imana igihe abanyagihugu bariko bitegurira kuja kuryama.

Igihugu ca Irani kiri mu karere kabangamirwa cane na nyamugigima, aho mu mwaka w’2003 abantu bashika ibihumbi 26 bo mu gisagara ca Bam kiri mu bumanuko bw’igihugu bahitanwe na nyamugigima, nayo mu mwaka w’2012 abandi barenga 300 bo mu ntara ya Azerbaijan mu buraruko nyamugigima nk'iyo yarabahitanye.