Museveni na Magufuli Ntibashigikiye Ingingo ya CPI Ku Burundi

Museveni Magufuli

Abakuru b’ibihugu vya Tanzaniya n'Ubuganda bariyamiriza ingingo ya Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI yo gutanguza amatohoza ku vyaha vyoba vyarakozwe mu Burundi.

Babivuze kuri uyu wa gatandatu ku mugoroba inyuma y’urugendo Magufuli wa Tanzaniya yagize kwa mugenzi we Museveni w’Ubuganda.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona inyuma y'uyo mubonano, Perezida Museveni avuga ko CPI itari gufata iyo ngingo akarere katagishijwe inama. Nawe Perezida Pombe Magufuli wa Tanzaniya avuga ko aravye uko ibintu vyifashe mu Burundi iyo ngingo itabereye.

Ku rundi ruhande, urunani CNARED ruhurikiyemwo atabavugarumwe na reta y’Uburundi hamwe n’amwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike yiyamirije ivyo vyashikirijwe n’abo bakuru b’ibihugu babiri, bavuga ko boreka CPI igakora ibikorwa ijejwe yisunze amategeko.

Ido n’ido kur’iyi nkuru, twumvirize umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika I Arusha muri Tanzaniya, Pierre Claver.

Your browser doesn’t support HTML5

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Arusha, Pierre Claver Niyonkuru