Urugendo rwa Perezida Trump mu Bushinwa Ruzohindura Iki?

Perezida Donald Trump avugana n'abanyamakuru mbere yo gutangira urugendo rwa muri Aziya. madame we Melania Trump arareberera hafi.

Mu ndwi iza, perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump azogendera igihugu c’Ubushinwa. Mur’urwo rugendo rw’imisi itari mike ategekanya kugira mu bihugu vyo muri Asiya, ubudandaji hamwe na Koreya ya ruguru, ni vyo bizoba biri ku rutonde rwa mbere rw’ivyo azoyaga na mugenzi we w'Ubushinwa Xi Jinping .

Abategetsi b'Ubushinwa barafise akizero kw’urwo rugendo, ruzovamwo ibintu vy’ingirakamaro. Yamara abantu bihweza ibintu n’ibindi bavuga ko vyose bizova ku ntumbero Trump afashe.

Ibintu bitari bike biramaze guhinduka kuva aho ba Perezida Trump na Jinping babonaniye ubwa mbere mu ntango z’uyu mwaka muri reta ya Florida, muri Amerika. Yamara bemeza ko hari n’ibindi vyinshi bitahindutse.

Ubudandaji kiracari ikibazo gihambaye, yamara igihugu ca Koreya ya ruguru, nico cashizwe imbere mu migenderanire y’Ubushinwa na Amerika.

Ukwo gufatanya imigenderanire y’ivyo bihugu bibiri rutura vyo kw’isi n’ingorane zitewe na Koreya ya ruguru vyaragize ico bimara.

Igihugu c’Ubushinwa, caremeye gufatira Koreya ya ruguru ibihano bikomeye mur’iki gihe umukuru waco Kim Jong Un, amaze gusomborotsa amakungu mu kugerageza ibigwanisho ruhonyanganda, yarashe incuro zitandatu.

Mur’urwo rugendo rero Prezida Trump azogira m'Ubushinwa, azogerageza guhimiriza icyo gihugu kugira ngo gifatire Koreya ya ruguru, izindi ngingo zikabije. Yamara guhimiriza Ubushinwa vyonyene bisa n’ibidakwiye.

Abantu bihweza ibintu n’ibindi bavuga ko mur’iki gihe Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’igihugu ca Korea ya ruguru, biguma vyifatiranira mu gahanga, Ubushinwa gisa n’icakoze ibishobotse vyose.