Uwishe Abapfasoni i Marseille Ntarashirwa Ahabona

Umuntu yikekwa ko yishe abapfasoni babiri abasogose imbugita mu gisagara ca Marseille mu gihugu c’Ubufransa ku musi w’Imana yararekuwe n'igipolisi.

Abategetsi b’Ubufransa batangaza kw’uwo muntu yikekwa mur’ico gitero, yakoresheje amazaina menshi, yahagaritswe n’igipolisi mu gisagara ca Lyon kw’italiki mirongo ibiri n’icenda z’ukwezi kw’icenda, yagirizwa kwiba ibintu mu ma mangazini. Yamara yararekuwe kubera kubura ivyemezo.

Uwo muntu avurwa ko yasemereye amajambo, “Allahu Akbar”, n’ukuvuga, “Imana niyo nkuru”, igihe yariko asogota abo bapfasosni babiri n’imbugita muri stasiyo nkuru y’amatereni mu gisagara ca Marseille, imbere yuko abasirikare b’Ubufransa bamurasa.

Reta ya Kiyislamu yiyitiriye ico gitero ibicishije mw’itororokanirizo ry’amakuru ryayo. Amazina y’uwagize igitero n’abapfasoni yasogose n’imbugita ntiyashizwe ahabona.