Zimbabwe: Grace Mugabe Yahawe Uburenganzira bwo Gutahuka

Gabriella Engels (i bubamfu), na Grace Mugabe (i buryo).

Grace Mugabe, umutambukanyi wa Prezida Robert Mugabe wa Zimbabwe, yatahutse mu gihugu ciwe, avuye mu gihugu ca Afrika y’Epfo, aho yaramaze iminsi yagirizwa kuba yarakubaguye Gabriella Engels, umwigeme akora umwuga wo kurata akaranga.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Zimbabwe n’ayandi makungu yatangaje ko Grace Mugabe yaronkejwe, kur’uyu w’Imana, impapuro zimuha uburenganzira bwo kudakurikiranwa n’ivyaha, biraheza bimuha uburenganzira bwo kurengana imbibe za Afrika y’Epfo yari yarabujijwe kurengana.

Gerrie Nel, umushingwamanza akomeye akorera muri Afrika y’Epfo, ari nawe aburanira umwigeme yakubaguwe na Grace Mugabe, yatangaje ko ataco azoshikiriza k’umugaragaro urubanza rudatangujwe na sentare. Yamara gushik’ubu nta makuru aratangwa ku bijanye n’igihe urwo rubanza ruzoberako.