Sierra Leone Kiragandariye Abishwe n'Imvura

Amabarabara y'i Freetown muri Sierra Leone inyuma y'imyuzure yo kuwa mbere italiki 14, ukwezi kwa 8, 2017

Perezida wa Sierra Leone, Ernest Bai Koroma yatangaje ko kuva kur’uyu wa gatatu igihugu kigiye kumara imisi indwi kigandariye abasize ubuzima mu mvura yaguye k’umusi wa mbere k’umurwa mukuru, Freetown

Yatangaje kandi ko igihugu gishizwe mu bihe bikomeye vy’umutekano wo k’urugero rwa gatatu kubw’ivyo vyago.

Hagat’aho, haracari kudahuza kubitigiri vy’abahasize ubuzima. Bamwe bavuga ko ibiziga 400 arivyo bimaze gutorwa mu gihe abandi bavuga ko bishobora kurenga ivyo. Abdulai Bayraytay, avugira perezida Koroma, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ibiziga 297 arivyo bimaze gutorwa gushik’ubu.