Kenya: Igitero k'Urugo rw'Icegera c'Umukuru w'Igihugu

William Ruto, icegera c'umukuru w'igihugu muri Kenya.

Ibinyamakuru vyo muri Kenya bitangaza ko abantu bataramenyekana bitwaje ibirwanisho bateye urugo rwa William Ruto, icegera c’umukuru w’igihugu, haheze umwanya muto ahavuye agiye gushigikira Perezida Kenyatta mu bikorwa vyo kwiyamamaza mu matora ategekanijwe m’ukwezi kuza.

Ico gitero cabaye kur’uyu wa gatandatu caje kigana urugo rwa William Ruto ruri m’uburengero bw’igisagara ca Eldoret mugihe we n’umuryango wiwe atariho bari, ivyo vyashikirijwe n'igiporisi.

Umuporisi yar’asanzwe acungereye urwo rugo yarakomeretse.

Ico gitero kibaye mugihe hasigaye imisi cumi ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka, n’ay’abakuru b’intara.

Gushik’ubu ntawurafatwa mur’abo bateye, ndetse n’imvo yabatumye babikora ntiramenyekana, nkuko igiporisi kibimenyesha.