Irwirirana ry'Abantu mu Ntara ya Kayanza

Ingaruka mbi ni nyishi mu ntara ya Kayanza ziturutse kw’igwirirana ry’abantu riri ku muvuduko udasanzwe. Ivyo bivugwa na Buramatri w’iyo ntara ashikiriza ko hari ibiriko birakorwa kugira iryo rwirirana rigabanuke.

Intara ya Kayanza n’iyo ntara ya mbere mu gihugu c’Uburundi ivugwamwo igwirirana riri ku muvuduko udasanzwe nk’uko abajejwe intwaro babivuga. Ikomine itwara idarapo mur’iyo ntara ni Gatara iharurwamwo abantu 900 ku kirometero kwadarato. Musitanteri w’iyo komine Devote Ndayizeye aravyemeza.

Abayagihugu bo mur’iyo komine bari mu bukene budasanzwe biturutse kur’iryo gwirirana ry’abantu. Uno mikenyezi ararira rukajana kandi afise abana batarenga batatu.

Mu kayanza, Evariste Nzikobanyanka, Ijwi ry’Amerika:

Your browser doesn’t support HTML5

Irwirirana ry'Abantu mu Kayanza