Amatungo y'Abanyanijeriya Yavuye mu Biturire Yafashwe n'Amerika

Igisagara ca New York muri Reta zunze ubumwe z'Amerika

Reta zunze ubumwe z’Amerika, yiyemeje gufata amatungo ari muri Amerika y’abategetsi b’Abanyanijeriya barongoye amasosiyete yimbura ibitoro bavuga baronse mu buryo bwo kurya ibiturire.

Itangazo ryashikirijwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane bw’Amerika kur’uyu wa gatanu, rivuga ko mur’ayo matungo harimwo ubwato bufise igiciro k’imiliyoni mirongo umunani (80) z’amadolari.

Harimwo kandi n’inzu iciye imiliyoni 50 z’amadolari iri mu gisagara ca New York. Amerika ibicishije ku cegera c’umushikirizamanza mukuru, itangaza ko itazemera ko iba ububiko bw’amatungo yaronswe m’uburyo buciye kubiri n’amategeko.