Pakistani: Igitero c'aba Talibani Cahitanye Umukuru w'Igipolisi

Abajejwe umutekano mu kibanza cabereyemwo igitero, muri Pakistani

Muri Pakistani habaye igitero c’umwiyahuzi cabereye m’ubumanuko bushira uburengero bw’Igihugu, gihitana umukuru w’igipolisi w’ako karere, uwarajejwe kumucungera umutekano hamwe n’umunyagihugu umwe. Umuhari w’aba talibani waciye wihutira kwiyitirira ico gitero, m’ukuvuga ko uwagikoze yar’umunrwanyi wabo.

Abari ahabereye ico gitero bavuga ko ico gitero cakozwe n’umugabo yaje ari kw’imoto, agana imodoka yarimwo uwo mutegetsi mu gipolisi, aho yari mu modoka yiwe, arindiriye kurengana.

Abategetsi bamenyesha ko nyene gukora ico gitero nawe yahasize ubuzima, bakavuga kandi ko baza batanguye amatohoza.

Ico gitero cabaye inyuma y’amasaha make habaye ikindi cari cabereye m’uburaruko bushira uburengero, cahitanye abasirikare babiri. Abarwanyi b’aba talibani bakaba naco nyene baciyitiriye, bemeza kandi ko cahitanye abasirikare indwi.