Imyimenyerezo yo Kugabisha Koreya ya Ruguru

Indege za gisirikare z'Amerika mu myimenyerezo yo kugabisha Koreya ya Ruguru

Indege z’intambara za Reta zunze ubumwe z’Amerika, zifatanije n’iza Koreya y’epfo, zarakoze imyimenyerezo ya gisirikare aho zateye bombe hafi y’urubibe n’igihugu ca Koreya ya ruguru, nkuko vyashikirijwe n’igisirikare ca Koreya y’Epfo.

Igisirikare ca Koreya y’epfo kivuga kandi ko ivyo vyakozwe nk’ukugabisha Koreya ya ruguru ku bitero vy’ibisasu vyo mu bwoko bwa Misile iherutse gutera.

Mur’iyo myimenyerezo, izo ndege, zarakoroye ibisasu mw’ishamba bagereranije nk’uko coba ar’ikibanza Koreya ya ruguru itereramwo ibisasu vyayo.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump, inyuma y’aho Koreya ya ruguru itereye bombe iherutse, yavuze ko yiteguye gukora ibintu bikomeye kugira ahagarike imigambi y’ico gihugu yo kubandanya ihingura ibirwanisho vya Nikleyeri.