Ubulaya Bwagumijeho Ibihano Bwafatiye Uburundi

Inama nshingamateka y'Ubumwe bwa Bulaya ejo yatoye integuro y'ingingo igumiza ibihano kuri Leta y'Uburundi.

Umukuru w'umugambwe CNDD/FDD uri ku butegetsi avuga ko iyo ngingo ata bwoba iteye Uburundi kuko bwari busanzwe bubayeho mu bihano ata muntu busega.

Ariko bamwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bahanura Leta gushira mu ngiro ivyo isabwa n'abanyabulaya kugira abanyagihugu bareke kwishura amabi batakoze.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika mu Burundi Eloge Willy Kaneza ni we utugezaho iyi nkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

Ubulaya Bukomeje ibihano ku Burundi