Ibitero Vyahitanye Abasirikare 2 muri Kivu y'Uburaruko

Abasirikare ba Reta ya Kongo muri Beni mu ntara ya Kivu y'uburaruko

Abasirikare babiri ba Republika iharanira demokarasi ya Congo, n’abarwanyi batandatu bishwe mu gutana mu mitwe kwabaye hagati y’inteko za Reta n’abarwanyi, mu ntara irimwo umutekanso muke ya Kivu yo mu buraruko, mu buseruko bwa Kongo.

Ivyo vyatangajwe n’igisirikare ca Reta kur’uyu wa gatanu.

Umuvugizi w’igisirikare muri Kivu yo mu buraruko, Djike Kaiko yatangarije itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, kw’aba Mai-Mai bakoze umutego ku musi wa kane ku muhingamo hagati y’ibirindiro bibiri vy’inteko za Reta hafi y’ahitwa Nyamilima, ku bilometrro ijana mu buraruko bw’igisagara ca Goma, umurwa mukuru wa Kivu yo mu buraruko.

Amenyesha kw’abasirikare babiri ba Reta bishwe, hamwe n’aba Mai-Mai batandatu, mu gihe abandi umunani bafashwe mu gutana mu mitwe kwabandanije gushika mu gitondo co kur’uyu wa gatanu.

Ibitero vy’abarwanyi b’aba Mai-Mai vyariyongeye mu kwezi kwa gatandatu mu ntara ya Kivu yo mu buraruko hadutse umurwi witwaje ibirwanisho utar’uzwi gushik’ubu.