Trump Azokwitaba Ibirori vya Bastille mu Bufaransa

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump azokwitaba ibirori vy’uguhimbaza umusi witiriwe Bastille i Paris ku murwa mukuru w’Ubufransa kuri 14 y'ukwezi kwa karindwi. Ivyo vyatangajwe n’ibiro vya perezida, Mason Blanche.

Trump yameye ubutumire bwa perezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron uno musi ku wa gatatu. Amenyesha ko arindiranye n’igishika ku vyerekeye gusubira kwiyemeza kwa Amerika ku migenderanire ikomeye ya kivandimwe n’Ubufransa.

Abo bategetsi babiri bavuvuganye kuri telephone, ejo ku musi wa kabiri, igihe Macron yatumira Trump.

Ibiro vya perezida wa Amerika, Maison Blanche vyatangaje kw’abo bategetsi babiri baganiye ukugene ibintu vyifashe mur’iki gihe mu karere ko mu buseruko bwo hagati.

Baraganiye no ku bibazo bizokwihwezwa mu nama y’ibihugu biri mu murwi G20 yimirije kubera mu gisagara ca Hamburg mu gihugu c’Ubudagi.

Abo bakuru b’ibihugu babiri baheruka kubonana mu kwezi kwa gatanu, igihe bompi baja mu nama y’ishirahamwe OTAN i Bruxelles, ku murwa mukuru w’Ububiligi.