Sudani y'Epfo Yemeye Kuzatora Abadepite ba EAC

EAC COURT OF JUSTICE

Mu birego vyiwe, umushingwamanza ava mu gihugu ca Sudani y’epfo imbere ya sentare nkuru y’uuryango wa Afurika y’ubuseruko yari yitwaye avuga ko igihugu ciwe cahonyanze ibwirizwa nshingiro n’amasezerano agenga umuryango wa Afurika y’ubuseruko mugutora abashingamateka baserukira ico gihugu.

Maitre Wani Santino yazanye ivyemezo vyerekana ko abashingamateka bashasha baserukira gihugu ciwe bagenywe n’umukuru w’igihugu aho gutorwa n’inama nshingamateka yico gihugu.

Murubanza rwo kuri uyu wa kane, uruhande ruserukira Reta ya Sudani y’epfo rwemereye sentare ko habaye amakosa. Urwo ruhande rwa Reta rwaciye rushikiriza Sentare urwandiko rwemeza ko amatora y’abashingamateka baserukira ico gihugu agiye gusubirwamwo vuba.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Arusha muri Tanzaniya ni we wakurikiranye iyi nkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

I Arusha Pierre Claver Niyonkoru