USA: Jeff Sessions Azisigura Imbere y'Abasenateri

Umushikiranganji w'Ubutungane w'Amerika, Jeff Sessions

Umushikiranganji w’ubutungane muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, Jeff Sessions yemeye kuzorenguka imbere y’umurwi w’abasenateri bakurikirana ivy’amaperereza kur’uyu wa kabiri mu gihe uyo murwi nyene ukiriko uratohoza uruhara Uburusiya bwoba bwaragize m’ukwivanga mu matora y’umukuru w’igihugu ahitiye.

M’urwandiko yandikiye kur’uyu wa gatandatu senateri Richard Shelby, wo m’umugambwe w’Abarepublikani, yamuka muri reta ya Alabama, Sessions yavuze ko iyo ngingo ayifashe yisunze ibiheruka gushikirizwa na James Comey yahoze arongoye ibiro vya FBI aho yariko yishura ku bibazo vy’abasenateri mur’iyi ndwi.

Mwibuke ko Sessions yitangarije ko ata matohoza y’ivyagirizwa abegereye Perezida Trump ku migenderanire n’Uburusiya azigera agiramwo uruhara, inyuma y’aho yiyemereye ubwiwe ko yabonanye na ambasaderi w’Uburusiya muri Amerika incuro zibiri m’umwaka uheze mu gihe c’imyiyamamazo mu matora y’umukuru w’igihugu.