Amerika Igiye Kuvavanura n'Amasezerano y'i Paris

Perezida Trump

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje kur’uyu wa kane ko Amerika igiye kuzovavanura n’amasezerano y’i Paris kw’ihindagurika ry’ibihe yasinywe mu mwaka w’2015 n’uwo yasubiriye ku butegetsi, Barack Obama.

Ivyo yabitangaje ari mu ngoro yiwe ya White House. Yavuze kw'agiye gutangura vuba kuganira gushasha ku masezerano ashira imbere inyungu z’Abanyamerika.

Iyi ngingo ayifashe mu gihe hari ugukekeranya nimba Trump ashobora gushira mu ngiro ivyo yemereye Abanyamerika kur’aya masezerano mu bihe vyo kwiyamamaza.
Perezida Trump avuga kw'amasezerano y'i Paris ageramaira Amerika.

Iyo ngingo ishimisha abamutoye bo mu mugambwe wiwe w'abarepublika mu gihe ishavuza bikomeye abaharanira ibidukikije.