Prezida w’igihugu ca Angola Jose Eduardo dos Santos, avugwa kw’ amaze igihe akitswe n’amagara, yatahutse ku murwa mukuru, Luanda, inyuma y’ikiringo c’ukwezi yar’ amaze mu gihugu ca Espagne. Ayo makuru yatangajwe n’abategetsi b’umugambwe uri ku butegetsi, MPLA.
Harabaye urukurukuru rukomeye mu misi iheze ku magara ya dos Santos. Umukobwa wiwe, Isabel yategerejwe kwiyamiriza urukurukuru rw’uko se wiwe yapfuye ari mu gihugu ca Espagne.
Umuvugizi w’umugambwe MPLA, Anastacio de Brito yabwiye ittororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, Agence France Presse, ko Perezida dos Santos, afise imyaka 74 mur’ iki gihe, yashitse mu gihugu ciwe ku musi wa mbere ku muhingamo.
Bwabaye ubwa mbere umugambwe MPLA wemeza ejo ku musi wa mbere ko dos Santos yisuzumishije amagara yiwe igihe yari mu gihugu ca Espagne mu rugendo rutari urwa kazi rwamaze igihe kitari gito.
Dos Santos, ari ku butegetsi muri Angola kuva mu mwaka w’i 1979, ntazohiganwa mu matora yo mu kwezi kw’umunani. Rizoba ribaye ihinduka rikomeye mur’ ico gihugu gitunze ibitoro.
Perezida dos Santos avurwa ko yivuje indwara ya cancer mu gisagara ca Barcelone, mu gihugu ca Espagne, mu kiringo c’imyaka iktari mike irangiye.