Igitero Cahitanye Abakristu Bashika 26 muri Misiri

Abakristu bashika 26 bishwe abandi 25 barakomereka muri Misiri kur’uyu wa gatanu inyuma y'aho bus barimwo iterewe n’abantu bitwaje ibirwanisho.

Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mur'ico gihugu, Khaled Megahed, kuri televiziyo y’igihugu.

Ico gitero cabereye mu ntara ya Minya, iri mu bumanuko bwa Kayiro umurwa mukuru, kibaye inyuma y’ukwezi n’igice habaye ibindi bitero ku masengero, vyahitanye 45 kandi vyakozwe n’umuhari w'iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu.