Irani: Prezida Rouhani Yatsindiye Amatora

Prezida Hassan Rouhani

Muri Irani, Prezida Hassan Rouhani niwe yaraye atsindiye amatora y’Umukuru w’Igihugu, nk’uko vyatangajwe na televiziyo y’Igihugu kur’uyu wa gatandatu.

Prezida Rouhani yatsinze abo bahiganwa batatu, akaba yatahukanye amajwi mirongo itanu n'indwi kw’ijana, uwumukurikira, Ebrahim Raisi atahukana mirongo n'umunani kw’ijana.

Ayo matora yari yitabiriwe n’abanyagihugu isinzi, yagiye kurangira mu masaha ya sasita z’ijoro, k’umunsi wa gatanu.

Imwe mu migambi Prezida Rouhani yashize imbere cane ijanye n’amasezerano y’ibigwanisho vya nucleaire, yagiranye na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu vya rutura, vyatumye ibihano vy’ubutunzi Irani yari isanganywe bigabanuka.

Ni mu gihe uwo bahiganwa, Raisi, we yaneguye cane ayo masezerano, akavuga ko yagize ingaruka mbi kuma banki y’igihugu.