Amato y'Uburusiya na Togo Yasekanye

Ubwato bwo mu mazi bw'Uburusiya bushinzwe iperereza"Liman" yafi y'intara ya Crimea, muri Ukraine.

Ubwato bw’iperereza bw’igisirikare c’Uburusiya bwasekanye kur’uyu musi wa kane n’ubwato butwara ibidandazwa hafi y’igihugu ca Turkiya mw’ibahari ryirabura, bita, “Mer Noire” mu rurimi rw’igifaransa.

Vyatangajwe n’abategetsi ba Turukiya n’Uburusiya lkandi bavuze ko Abarusiya 78 bose bari muribwo nibazima.

Ubwato bw’iperereza bw’igisirikare bw’Uburusiya, “Liman” buvurwa ko bwasekanye mu bihe bimeze nabi n’ubwato, “Youzarsif H, butwara ibitungwa bwari bufise idarapo y’igihugu ca Togo kiri mu burengero bw’akarere ka Afrika.

Amakuru ku kugene ubwo bwato, Youzarsif H, canke ababukoramwo bamerewe n’ibitungwa vyari muri bwo bimerewe ntiyamenyekanye buno nyene.