Turukiya: Kamarampaka Yahaye Erdogan Ububasha Burengeye

Perezida wa Turukiya, Tayyip Erdogan ashikiriza ijambo inyuma y'aho kamarampaka yemeje ihindurwa ry'ibwirizwa shingiro.

Abategetsi ba Turukiya batangaje kur’uyu w’Imana ko umugambwe uri k'ubutegetsi watahukanye intsinzi aho abanyagihugu bemeje ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro rizoha ububasha burengeye perezida Recep Tayyip Erdogan.

Ibinyamakuru vya reta vyatangaje ko abatoye EGO barenga 51 kw’ijana mugihe abatoye OYA bari munsi ya 49 kw’ijana. Umukuru w’umurwi ujejwe amatora yemeje ivyo biharuro aca atangaza ko ibiharuro ntabanduka bizotangazwa mu misi 12.

Erdogan yatangaje ko ivyo bizotuma atabasirikare batazongera kwivanga muvya reta. Bisigura kandi ko inama nshingamateka atabubasha izoba ikimufiseko. Umushikiranganji wa mbere n’abagize reta bazoca bakurwaho.

Erdogan niwe azoba afise ububasha bwo kugena abashikiranganji kandi ninawe bazoha raporo, ninawe kandi azoshinga amafaranga reta izokoresha.