Ingaruka Mbi z'Inyama z'Ibikoko vyo mw'Ishamba

Abakozi bajejwe ubuzima, bwatwaye umuntu yahitanywe n'ikiza Ebola mu mwaka w' 2014.

Igihe Ebola yaduka mu gihugu ca Sierra Leone, gufungura inyama z’ibikoko vyo mw’ishamba vyaragabanutse bikomeye cane.

Ivyatohojwe vyerekana kw’ivyo bizogira ingaruka nziza ku magara y’abantu n’ugukingira inyamaswa.

Igikorwa c’ugutanga inyigisho ku bibazo n’ingaruka z’ugufungura inyama z’ibikoko vyo mw’ishamba vyashimikiye ku banyagihugu baba hafi y’ibibanza bikingiwe birimwo inyamaswa.

Inyama z’ibikoko vyo mw’ishamba zirimwo i mbumbamubiri bita proteine ikenewe cane ku banyagihugu baba mu bice vyo hagati mu gihugu mu karere ko muri Afrika yo mu burengero. Yamara n’abantu baba mu bisagara barirukira inyama z’ibikoko vyo mw’ishamba.

Kubera abarondera izo nyama biyongeye, vyatumye mu bibanza bimwe bimwe ata gikoko kisubira kubazwa mu mashamba.

Inyama z’ibikoko vyo mw’ishamba zishobora kandi gukwiragiza indwara nka Ebola.