Umubano w'u Rwanda n'Uburundi muri EAC na CIRGL

Libe

Kuva kuri uyu wa mbere,i Bujumbura hakoraniye inama ibiri ihuza uwurongoye umuryango wa EAC n'uwutwara ishirahamwe ry'ibihugu vy'ibiyaga binini CIRGL.

Mubizovugirwa muri iyo nama harimwo imigenderanire mibi hagati y' u Rwanda n'Uburundi hamwe n'indyane zo muri Sudani y'amajepfo.

Yugurura ibikorwa vy’iyi nama, umunyamabanga nshingwabikorwa w’inama mpuzamakungu y’ibihugu vy’ibiyaga binini CIRGL yavuze ko yishimiye kubona iyi nama ibaye. Zachary Muburi Mwita yibukije ko intumbero y’iyi nama arukurabira hamwe uko ishirahamwe ryose ririko rishira mu ngiro ivyo rijejwe canke ryiyemeje na rirya ibihugu 6 kuri 12 bigize ishirahamwe arongoye ari ivyo mu muryango wa EAC.

Muburi Mwita yabwiye abamenyeshamakuru ko ata terambere rishoboka ata mahoro n’umutekano kandi ko n’amahoro n’umutekano bitobaho ata terambere.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Eloge Willy Kaneza ni we wakurikiranye iyi nkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

U Rwanda n’Uburundi bizobana gute muri EAC?