USA: Amatora y'Ukwiyamiriza Itegeko Ryiswe Obamacare Yigijweyo

Umuyobozi w'umurwi, House Freedom Caucus, umushingamateka w'Umurepublika, Mark Meadows

Amakuru atangwa n’abayobozi b’umugambwe w’Abarepublika, yatangaje kw’ata matora yari kuba ku musi wa kane mw’ijoro mu nama nshingamateka ku bijanye n’ugusubiriza itegeko ryorohereza uburyo Banyamerika bivuza, rizwi cane kw’izina rya, Obamacare.

Ayo makuru yatanzwe n’abantu batashatse kumenyekana bavuganye n’itangazamakuru ku musi wa kane ku muhingamo, amasaha makeyi imbere yuko vyari bitegekanijwe kw’amatora aba.

Abarepublika bo mu murwi ushaka kudadaza cane witwa, Freedom Caucus, batangaje inyuma y’inama na perezida wa Amerika, Donald Trump kw’ata masezerano bashitseko ku vyerekeye kwiyamiriza itegeko rigenga ukugene Abanyamerika bivuza, Obamacare.

Umushingamateka, Mark Meadows ayoboye uwo murwi yemeje kw’ata masezerano umurwi wiwe na perezida Trump bashitseko.

Yamara ibiro vya perezida bibona ibintu ukundi. Vyasohoye itangazo rivuga kw'izo mpande zose zateye intambwe ku vyerekeye kwiyamiriza itegeko, Obamacare.

Umuvugizi w’ibiro vya perezida, Sean Spicer, yavuzeko abashingamateka batari bake berekanye ko bazotora kwiyamiriza iryo tegeko.