USA: Trump Yakiriye Umushikiranganji wa Mbere wa Iraki

Donald Trump yakira Umushikiranganji wa mbere wa Iraki Haider al-Abadi i Washington, Italiki 3/20/2017. (AP

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yarakiriye umushikiranganji wa mbere wa Iraki Haider al-Abadi kur’uyu wa mbere aho baganiriye ibijanye no kubandanya urugamba rwo kwigarurira burundu igisagara ca Mosul.

Abo bategetsi babiri bari baragize ibiganiro nk’ivyo kuri telefone m’ukwezi guheze, ariko bubaye ubwa mbere babobana imbona nkubone.

Imbere yuko afata indege imuzana I Washington, Abadi yatangaje ko yipfuza kuganira na Perezida Trump ingene birukana ubutakigaruka umuhari wa reta ya Kiyisilamu hamwe n’abo bose bawufasha.