CAF: Ahmad Ahmad ni Muntu ki?

Umuyobozi mushasha w'urunani rw'amashirahamwe y'umupira w'amaguru mu karere ka Afrika, CAF, Ahmad Ahmad, ari hagati kw'ifoto

Umunyamadagascari Ahmad Ahmad yatowe kurongora urunani rw'amashirahamwe y'umupira w’amaguru mu karere ka Afirika. Yahora ari mundongozi z’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Madagascari.

Yarigeze kuba umunyapolitike mugihugu ciwe inyuma yo kuba umukinyi w’umupira w’amaguru n’umumenyereza. Kuva m’umwaka w’2003, yatowe kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Madagascari.

Mur’uku kwezi kwa gatatu, 2017, yatowe kurongora urunani rw'amashirahamwe y’umupira w’amaguru kurwego rw’Afirika. Abaye umukuru wa CAF agira ndwi.

Ku myaka 58 y'amavuko, Ahmad asimbuye Issa Hayatou wayoboye CAF kuva mu mwaka w'1988