"Inzara Mu Burundi Iragendeka Ugereranije n’Ibindi Bihugu"- Perezida Nkurunziza

Perezida Pierre Nkurunziza

Umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza avuga ko inzara iri mu Burundi igendeka agereranije n’ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afurika.

Aho yariko arugurura icese umwonga watunganijwe kijambere muri komine Ntega mu ntara Ya Kirundo. Umukuru w’igihugu avuga ko Abarundi bari bakwiye gushima imana gusumba.

Asigura ko gushika uno musi ata murundi aricwa n’inzara.

Umwonga wa Nyavyamo watunganijwe kijambere ku mfashanyo y’ibanki ya Afurika y’iterambere(BAD).

Umukuru w’igihugu c’u Burundi Nkurunziza avuga ko urubanza rwo kuwushikiriza rushitse mu gihe igihugu kiri mu bihe bidasanzwe.

Umukuru w’igihugu avuga ko uwo musi wahuriranye n’uko mu bice bitandukanye vy’igihugu hari hahitiye havugwa ikibazo c’ubukene bw’imfungurwa, biturutse ku kirere kitagenze neza. Avuga ko mu Burundi bikigendeka kuko atabarahitanwa na kigoyi.

Your browser doesn’t support HTML5

Inzara mu Burundi

Uwuserukira ibanki ya Afurika y’iterambere(BAD) mu Burundi Tokindang Sibaye Joel arashima imigenderanire iri hagati ya BAD n’u Burundi mu myaka 50 iyo banki imaze ikorera mu Burundi.

Tokindang avuga ko igisata c’uburimyi gitanga umwimbu muke cane mu Burundi. Abarimyi baracimbura ivyo kubatunga buri musi,ubwo burimyi bukagira intambamyi y’isi ndimwa yaze kubera igwirirana ry’abantu. Igisata c’amabanki ntigishigikira biboneka ico gisata.