Burundi: VP Gaston Sindimwo Ariyamiriza Ibirego vya ONU

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi ariyamiriza raporo ONU yatangaje kw’umurwi w’abasore bazwi kw’izina Imbonerakure, bahurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi, ufise uruhara ruteye amakenga mu Burundi.

Antonio Guterres yaheruka kuguva kw’urwo rwaruka rwa CNDD-FDD ruregwa ko rufise uruhara mw’inyuruzwa ry’abantu barenga 200, bazimanganye kuva mu kwezi kw’icumi k'umwaka uheze

Visi Perezida Sindimwo yavuze kw’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, yafatiye ku makuru y’ibihuha.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije yavuganye na Visi Perezida Sindimwo..

Your browser doesn’t support HTML5

Gaston Sindimwo avuga ku birego vyashikirijwe n'umukuru wa ONU