ONU-RDC: Kongo Yarahohoteye Ikiremwa Muntu

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagiriza abajejwe umutekano muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kuba bakoresheje inguvu zirenze m’ukwezi kwa cumi na kabiri, 2016 kubanyagihugu bari mu myigaragamvyo yiyamiriza iguma rya perezida Joseph Kabila k’ubutegetsi.

Ivyo biri muri raporo yasohowe kur’uyu wa gatatu n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka zina muntu. ONU ivuga ku kuva kumataliki ya 15 gushika 31 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2016, abantu bashika kuri 40 bishwe abandi 147 barakomereka mubisagara bitari bike muri Kongo.

Abigaragamvya biyamiriza ko perezida Kabila aguma k’ubutegetsi mugihe manda yiwe yaheze italiki 20 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2016. Iyo raporo ivuga ko benshi mubapfuye ari abasivile batari bafise ibirwanisho kandi ko abantu bashika 917 bahagaritswe n’abajejwe umutekano.

Ibiro vya ONU bijejwe kubahiriza agateka ka muntu bivuga ko babujijwe gushika mu makambi yar’apfungiwemwo abantu hamwe no mu biro bijejwe iperereza, mu bitaro no m’uburuhukiro habikwa abapfuye aho abahohotewe batwawe ico gihe.

Umushikiranganji w’agateka kazina muntu muri Kongo, Marie-Ange Mushobekwa yatangaje ko iyo raporo ihengamye.