Perezida Trump Yasuye Inzu Ndagamurage y'Abirabura

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yagendeye inyubakwa ndangamico n’amateka y’abirabure bo muri Amerika, mu gisagara ca Washington DC.

Perezida Trump yasomye amazina y’abantu bagize uruhara rukomeye cane mu mateka y’Abirabure bo muri Amerika. Yavuze kw’iyo nyubakwa itera iteka intwari zitari nke z’Abanyamerika. Yemeye gukora ibishoboka vyose kugira abandanye umuhango w’ubwigenge bw’abirabure bo muri Amerika n’abanyamerika bose muri rusangi.

Your browser doesn’t support HTML5

Trump visits African American Museum

Urugendo rwa Perezida Trump, mu nyubakwa ndangamico n’amateka y'abirabure rubaye muri uku kwezi kwa kabiri kwahariwe guhimbaza amateka yabo.

Perezida Trump, yatangaje kw’urugamba rw’uburinganire hagati y’ubwoko butandukanye mu gihugu vyibonekeza mu nyubakwa yasuye, vyibutsa impamvu Amerika itegerezwa kurwanya ukutihanganira abandi, n’urwanko mu buryo bwose vyibonekezamwo.

Yiyamirije igabishwa ry’ibitero mu bibanza vy’Abayahudi riherutse kugirwa muri Amerika. Yavuze kw’ivyo ari ibintu bigayitse cane kandi biteye agahinda.