Somaliya: Babiri Biciwe Hafi y'Ingoro ya Perezida

Perezida mushasha wa Somaliya Mohamed Abdullahi Farmajo ashikirizwa ubutegetsi n'uwahahora Hassan Sheikh Mohamud, (ibubamfu) itariki 16 ukwezi kwa kabiri, 2017.

Abantu babiri bishwe, uno musi ku wa kane, mu gitero ca za moritiye zatumberejwe ku ngoro ya perezida wa Somaliya igihe uwo mutegetsi mushasha yariko yimukira muri iyo ngoro.

Umuvugizi wa Reta y’intara ya Benadir, Abdifitah Halane, yabwiye Servisi y’Igisomali ya Radiyo Ijwi ry’Amerika, kw’abana babiri bishwe igihe imwe mu ma morotiye yarwa ku nzu babamwo mu gice citwa, Warta Nabadda, hafi y’ingoro ya perezida.

Halane yagiriza abarwanyi b’umurwi al-Shabab kuri ico gitero.

Perezida mushasha wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Farmajo, ntaco yabaye. Nta bandi bavurwa ko bahasize ubuzima canke bakomeretse muri ico gitero.

Ico gitero ca morotiye carondera guhungabanya ibirori vy’uguhererekanya icese ubutegetsi hagati ya perezida yahahora, Hassan Sheikh Mohamud, na Mohamed Abdullahi Farmajo.

Mohamed Abdullahi Farmajo, yatsinze Hassan Sheikh Mohamud, mu matora y’abashingamateka yabaye haheze indwi zibiri muri Somaliya.

Perezida Farmajo, yateye akamo Abanyasomaliya bari mu bice bitandukanye vyo kw’isi gukorana na Reta yiwe kugira bagarukane amahoro n’amategeko muri Somaliya.