ONU Ibabajwe Nuko Umunyapalestine Yazibiwe

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Antonio Guterres, yatangaje ko ababajwe n’ingingo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika y’ukwiyamiriza igenwa ry’umunyapalestina, Salam Fayyad kugira abe intumwa nshasha y’urwo rwego mu gihugu ca Libiya

Yatangaje ko Salam Fayyad, ariwe muntu akwiriye ayo mabanga muri iki gihe. Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarazibiye igenwa ryiwe ku musi wa gatanu.

Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’sishirahamwe O-N-U, Nikki Haley, yatangaje mw’ikete ko Amerika idashimishijwe n’ingingo y’uguhitamwo Fayyad, kugira aserukire ishirahamwe O-N-U muri Libiya.

Yatangaje ko mu kiringo kirekire cane ishirahamwe O-N-U ryahengamiye ku ruhande rw’ubutegetsi bw’Abanyapalestina, mu vyagize ingaruka kuri Israel.

Guterres, yatangaje ko kuba atashoboye kugena Salam Fayyad, ari ubuhombe ku mugambi w’amahoro muri Libiya no ku Banyalibiya.

Salam Fayyad, yanonosoye ivyerekeye ubutunzi, yabaye umushikiranganji wa mbere w’ubutegetsi bw’Abanyapalestina kuva mu mwaka w’i 2007 n’umwaka w’i 2013. Yarabaye kandi umushikiranganji ajejwe ikigega.