Turukiya: Abashika 700 Bakekwako Iterabwoba Bafashwe

Igipolisi ca Turukiya carahagaritse congera kirafunga abantu barenga 700 bakekwa kuba abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu.

Ni mw’isekeza ryatanguye k’umusi w’Imana mugihugu cose.

Abarenga 30 bapfungiwe I Istanbul k’umurwa mukuru, abandi bafatiwe ahabereye igitero c’iterabwoba kunzu y’ubutambiro I Istanbul italiki imwe z’ukwezi kwa mbere umwaka w’2017, igitero cahitanye abantu 39.

Umuhari wa reta ya Kiyisilamu uvugwa ko washinze imizi mu gihugu cose ca Turukiya, ukagirizwa kwica abanyamahanga. Abanyamahanga hamwe n’abanyagihugu ba Turukiya bari mu bafashwe.

Reta ya Turukiya ndetse n’amakungu bafashanya mu rugamba rwo kurwanya iterabwoba bagirizwa kuba bitwariritse kurwanya no gusenyura reta ya Bashar Assad wa Siriya aho gushira inguvu mu bikorwa vyo kurwanya iterabwoba.