Gitega: Ibitaro Vyarengewe n'Abarwayi

Ibitaro bikuru vya Gitega mu Burundi

Abenshi mu barwariye mu bitaro bikuru vy’intara ya Gitega bagizwe n’abana bari munsi y’imyaka itanu. Agatanda kabiwrizwa kurarako umwana umwe ugasangako hagati y’abana babiri na batatu.

Igisata cakira abana muri ivyo bitaro cabwiye Ijwi ry’Amerika ko muri rusangi, gifise abana barenga ijana na mirongo itanu(150) mugihe kitabwirizwa kurenza mirongo irindwi na batanu (75). Abenshi muri abo bana bakitswe n’idwara ya Malariya.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu ntara ya Gitega Raissa Liliane Inamahoro ni we atanga umuco kuri iki kibazo.

Your browser doesn’t support HTML5

Ubwinshi bw'abarwayi i Gitega