Gambiya: Yahya Jammeh Yahawe Ikiringo Ntarengwako

Abategetsis b’ibihugu vya Guinee na Mauritaniya bari ku murwa mukuru wa Gambiya, Banul uno musi ku wa gatanu kwumvisha perezida yatsinzwe mu matora, Yahya Jammeh, gushikiriza ubutegetsi n’ukuva mu gihugu canke akarere ko muri Afrika yo mu burengero gakoreshe inguvu za gisirikare.

Abo bategetsi bahaye, Yahya Jammeh, gushika ku mutaga w'uno musi kuwa gatanu kugira abe yashikirije ubutegetsi.

Inyuma yuko ico kiringo ntarengwako gitegetswe, Jammeh yasavye ko yokwongerezwa amasaha ane kugira ashikirize ubutegetsi

Perezida wa Guinee, Alpha Konde na perezida wa Mauritaniya, Mohamed Ould Abdel Aziz, bashitse bari kumwe ku murwa mukuru, Banjul uno musi ku wa gatanu.

Urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi rwaremeye, Adama Barrow, kw’ariwe perezida mushasha wa Gambiya.

Barrow yarahiye mu mabanga yiwe y’umukuru w’igihugu ku musi wa kane muri Ambasade ya Gambiya muri Senegal.

Vyari bitegekanijwe ko arahirira ku murwa mukuru wa Gambiya, Banjul.