Umuhuza mu biganiro by'Abarundi Benjamin Mkapa yabonaniye n'abatavuga rumwe na leta i Arusha muri Tanzaniya ku musi wambere itariki ya 16/01/2017.
Inyuma yaho umuhuza mubiganiro vy’Abarundi ahanuriwe abatavugarumwe na reta ko hoshirwaho reta y’ubumwe nk’umwe mumiti y’ingorane ziri mu gihugu, Ijwi ry’Amerika ryabajije icegera cambere c’umukuru w’inama nshingamateka mu Burundi ico avyiyumvirako.
Agathon Rwasa arashima ko hojaho iyo reta y’ubumwe ahubwo akavuga ko yatevye. Kubwiwe niyo yoca yigirwamwo ibibazo vyose bihari harimwo gutegura amatora yo mu mwaka w’2020, gutahukana impunzi no kurekura imfungwa za politike. Yaganiriye na Pierre Claver Niyonkuru, i Arusha, amaze kubonana n’umuhuza.
Your browser doesn’t support HTML5
Agathon Rwasa, icegera cambere c'umukuru w'inama nshingamateka mu Burundi