Ruswa Yambuka Imipaka

Igihugu ca Malawi kiritwararitse ivyerekeye kwerekana ko kitihanganira na gato ibiturire n’isesagurwa ry’amafranga yaaReta.

Ivyo inyuma y’amarorerwa yerekeye ruswa yabaye mu mwaka w’i 2013, yatumye ibihugu vyo mu mahanga bihagarika imfashanyo.

Muri iyi ndwi, perezida wa Malawi yashizeho umurwi ujejwe gutohoza ayandi marorerwa yerekeye amasezerano y’ukugura ibigori bivuye muri Zambiya.

Igihugu ca Malawi kimaze igihe kigurira ibigori hanze y’igihugu, mu mugambi w’ukurwanya ubukene bw’ibifungurwa mu gihugu, inyuma y’imyuzuranye n’ingaruka z’uruzuba vyageramiye bikomeye umwimbu w’umwaka urangiye.

Ikinyamakuru co muri Malawi cashize ahabona mu kweziz kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze, inzandiko zavuga ku bintu bishobora kuba bitagenze neza, igihe reta yagura amatoni ibihumbi ijana y’ibigori bivuye muri Zambiya.

Ivyo vyatumye amashirahamwe adaharanira ingungu za politike cumi n’umunani asaba ko reta yokorera ahabona kurushiriza ku vyerekeye kugura ibigori.

Ayo mashirahamwe atangaza ko hari amazinda ko hari intambwe zitakwirikijwe. Asaba kw’ukuri kwoja ahabona ku vyabaye.

Muri Zambiya, abayobozi b’umugambwe utavuga rumwe na reta, United Progressive Party, bavuga ko bafise ivyemezo vya ruswa ku bijanye n’ukugurisha ibigori hanze y’igihugu.