Sentare yo mu Butaliyano yaciriye urubanza umugabo w’umunyeTuniziya kuba yagirizwa ko yatumye abantu amajana n’amajana bapfira muri imwe mu masanganya akomeye yabereye mw'ibahari Mediterane, kuva habaye ingwano ya ya kabiri y'isi yose.
Mohammed Ali Malek, yaciriwe urubanza muri sentare yo muri Catania, mw'izinga rya Sicile, imyaka 18 mu munyororo. Yagirwa ivyaha vy’ubwicanyi, kujabutsa imbibe abantu mu buryo butemewe n’amategeko, hamwe no gukora ikibi catumye abantu 700 bahasiga ubuzima.
Amakuru yatanzwe n'abategetsi avuga ko Malek ariwe yari umudereva w’ubwato bwibiye kubera ukutamenya kubutwara neza.
Imbere yuko acigwa urubanza, uwo munyeTuniziya Malek, yahoze aba mu Butaliyano, yashikirije ijambo sentare avuga ko yamaze imyaka 2 n’amezi atandatu mu Butaliyano, afise umwana w’umuhungu akiri muto n’umukunzi w’umutaliyanokazi, yipfuza kwubakana nawe.
Atangaza ko yamye avugisha ukuri, nkuko ahejeje guha igipolisi, izina ryiwe izina nyaryo, kandi yababwiye ko ari umwimukira mu bandi.
Muri iryo sanganya ry’ubwato harokotse abantu 28 bonyene, ku bantu amajana n’amajana bagizwe ahanini n'Abanyafrika n’Abanyabangaladeshi. Igipolisi cabwiwe na bamwe mu barokotse ko abimukira bari hagati ya 400 na 950.