Misiri: Abapolisi 6 Bishwe mu Gitero c'Abihevyi

Abapolisi ba Misiri hamwe n'Abahinga mubijanye n'ibisasu, bari ahaturikiye igisasu i Kayiro

Abapolisi batandatu ba Misiri barapfuye abandi batatu barakomereka inyuma y’aho haturikiye igisasu ku kirindiro c’aho basuzumira imiduga k’umurwa mukuru Kayiro kur’uyu wa gatanu.

Umuhari uzwi kw’izina rya Hasm niwo watangaje ko ur’inyuma y’ico gitero mu butumwa washikirije k’urubuga ngurukana bumenyi.

Reta ya Misiri ikeka ko uwo muhari ari nawo wagavye ibindi bitero bihitiye mu gihugu, kandi ko ufitaniye imigenderanire n’uwundi muhari w’abayisilamu witwa Brotherhood.

Nico gitero gikomeye kibaye aho I kayiro inyuma y’icabaye m’ukwezi kwa gatanu gihitana abapolisi umunani.