Umukuru w’urunani CNARED rutavuga rumwe na reta y’Uburundi, Dr. Jean Minani avuga ko mu gutangaza ayo majambo, umuhuza Mkapa, yerekanye kw’atakiri umuhuza.
Yabishikirije inyuma y'aho umuhuza w'Abarundi Benjamin Mkapa atangarije inyuma y'urugendo rw'imisi itatu yar'amaze m'u Burundi ko Perezida Pierre Nkurunziza yemewe n'amategeko kandi ko abakurikiranywa n'ubutungane bw'uburundi badakwiye kuja mu biganiro.
Mushobora kwumviriza ivyo Jean Minani yabwiye Ijwi ry'Amerika:
Your browser doesn’t support HTML5
Umukru wa CNARED Jean Minani ku rugendo mu Burundi rwa Benjamin Mkapa
Willy Nyamitwe
Reta y’Uburundi yo yakiye neza amajambo yashikirijwe n’umuhuza Mkapa. Willy Nyamitwe, umuhanuzi mukuru mu biro kwa President w’Uburundi, yavuze ko Mkapa atariwe mutegetsi wenyene akomeye atangaje ayo majambo.
Mushobora kwumviriza
Your browser doesn’t support HTML5
Willy Nyamitwe ku rugendo rwa Benjamin Mkapa