BURUNDI: Raport Y’abahinga, Ntibonwa Cokimwe

Imyiyerekano yo kwiyamiriza raporo y'abahinga

Umurwi w’abahinga bigenga, ku musi wa kabiri, warasohoye raport isaba ko hoba umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu wotohoza irtyozwa ry’agateka ka zina mu Burundi, ukaba kandi waremeje mur’iyo raport kw’amabi menshi ahanini akorwa na reta y’Uburundi hamwe n’imirwi ishigikiye reta y’Uburundi.

Reta y’Ubrundi yaranebaguye ico cegeranyo ivuga kimeze nk’icegeranyo catunganijwe n’abanyapolitike:

Ku musi wa gatanu naho, umugambwe Uprona warahaye ikiganiro abamenyeshamakuru, uraheza nawo nyene uranegura ico vegerranyo: Reka dutege amatwi umukuru w’umugambwe Uprona, Abel Gashatsi:

Your browser doesn’t support HTML5

Abel Gashatsi, Uprona

Dr. Jean Minani arongoye urunani rutavuga rumwe na reta wewe, siko abibona: Avuga kw’ahubwo uyo murwi w’abahinga, washikirije ibintu abatavuga rumwe na reta, bari barasemereye kuva kera.

Arongera akavuga kw’ibintu biriko birabera mu Burundi mur’iki gihe, bimeze nk’ihonyabwoko:

Mushobora kwumviriza ikiganiro twagiranye na Dr. Jean Minani.

Your browser doesn’t support HTML5

Dr. Jean Minani CNARED