Imyiyerekano Yiyamiriza Icegeranyo ca ONU K'Uburundi

Abantu bagera kw'ijana bagize imyiyerekano imbere y'ibiro vya ONU

Abantu bagera kw'ijana bagize imyiyerekano yiyamiriza icegeranyo abahinga ba ONU baheruka gushikiriza ku vyerekeye Uburundi bavuze ko hari ibimenyetso vyerekana ko hashobora kwaduka akaga k’ihonyabwoko.

Iyi myiyerekano yatanguye kur'uyu wa gatatu. Ariko hoho yari yagizwe n’umuntu umwe.

Iki cegeranyo c’abahinga ba ONU ciyamirijwe kandi n’umushikiranganji araba ibijanye n’agateka ka zina muntu. Martin Nivyabandi yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru kur'uyu wa kane.

Vyose kur'iyi nkuru dukurikirane umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura, Eloge Willy Kaneza.

Your browser doesn’t support HTML5

Eloge Willy Kaneza, Bujumbura, Ijwi ry’Amerika