Carolina yo mu Buraruko: Abanyagihugu Ntibemerewe Kubona Amasanamu ya kamera Abapolisi Bambara

Imwe mu nyishu kw’ikoreshwa ry’inguvu z’umurengera ku bapolisi muri Leta Zunze Ubumwe z'Amerika, n’ikoreshwa ritera ryiyongera ry’amakamera afata amasanamu abapolisi bambara ku mubiri, mu bice vyose vy’igihugu.

Igipolisi kimaze igihe gifise, mu modoka zaco, kamera zifata amasanamu mu gihe baba bariko barangura imirimo yabo. Yamara kamera bambara ku mubiri, zerekana neza kurushiriza ukugene abapolisi bavyifatamwo n’abanyagihugu.

Kubera ayo makamera mashasha hari ibibazo ku wufise uburenganzira bw’ukubona ayo masanamu.

Muri Reta ya Carolina yo mu buraruko, aho imyiyerekano yadutse inyuma yuko umupolisi arashe umwirabure mu gisagara ca Charlotte, itegeko rishasha ryagiye mu ngiro kw’italiki imwe y’ukwezi kw’icumi, mu mwaka uheze, rivuga ko amasanamu afashwe na kamera abapolisi bambara ku mubiri adakwiriye gushirwa ahabona.

Ivyo vyerekana ko ari izindi ntambamyi, ku wurekuriwe kubona ayo masanamu.Ayo masanamu ashobora gushirwa ahabona gusa, mu gihe sentare ibitegetse.

Abashigikiye ikoreshwa ry’ayo makamera bavuga ko afasha gutuma abapolisi bakorera ahabona, abanyagihugu nabo bakabona ubwabo ivyabaye ah’ukuzera kubiba vyatangajwe n’inzego z’igipolisi.

Yamara hari abagabisha kw’amasanamu y’amakamera yambarwa n’abapolisi ku mubiri, ashobora kuterekana uko ibintu vyose vyagenze, kandi ko bishobora gutuma abapolisi banebagurwa mu buryo budakwiriye.