Hillary Clinton Yatoye Mitende

Umuganga akurikirana amagara ya Hillary Clinton amenyesha ko uwo mukandida ariko ahiganirwa mu mwanya w’umukuru w’igihugu ariko aratora mitende inyuma y’aho asuzumiwe ingwara yo mu mahaha.

M’urwandiko yashikirije kur'uyu wa gatatu, muganga Lisa Bardack amenyesha kandi ko Hillary Clinton afise amagara meza atacomubuza gutwara Leta zunze ubumwe z’Amerika. Clinton ategekanya gusubira mu bikorwa vyo kwiyamamaza kur’uyu wa kane.

Uko gukikwa n’amagara kwa Hillary kwatumye haduka ibibazo vyo kumenya ibijanye n’amagara yiwe kandi biha n’akaryo Donald Trump bahiganwa ko kuvuga ko Hillary atazobasha kurongora Amerika.