Haiti: ONU Yaragize Uruhara Mw'Ikwiragizwa rya Cholera

Abarwayi ba Cholera bariko bavurirwa mu kigo co k'umurwa mukuru Port-au-Prince, wa Haiti

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ririyemerera ko abasirikare baryo bagize uruhara mu gukwiragiza ikiza ca Cholera mu gihugu ca Haiti m’umwaka w’2010.

Ico kiza cahitanye abantu bashika ibihumbi 10,000 kandi yandukira abaharurwa mu bihumbi amajana.

Ayo makuru yashizwe ahabona kuwa kane, inyuma y’imisi cumi iyo raporo y’ibanga yar’imaze yaraheze gutunganwa, raporo inegura inyifato ya ONU mugihe iba iriko ihangana n’ibibazo kw’isi.

Abanyehayiti bari baragarageje kwitwarira ONU kur’urwo ruhara yagize mu gukwiragiza ico kiza ariko ONU yavuze ko ikingirwa n’ubudahangarwa muvya kidipolomasiya isanzwe ifise.

Imiryango yahaburiye ababo yasavye ko ONU yobashumbusha.