USA: Oscar Morel Niwe Yishe Aba Isilamu 2 i New York

Oscar Morel muri Sentare yo muri Queens, I New York

Umugabo azwi kw’izina rya Oscar Morel, yagirizwa urupfu rw’aba isilamu babiri mu gisagara ca New York muri Leta zunze ubumwe z’Amerika kuwa kabiri niho yarengukishwa imbere ya sentare yo mur’ico gisagara.

Morel, n’umugabo w’imyaka 35 wo mu muryango w’abavuga iki epsanyole yagirizwa, kandi ivyaha bitari bike yakoze muri kahise harimwo n’ivyo gukoresha inkoho mu kwica abantu.

Imam Maulama Akonjee n’uwo bafashanya ibikorwa vy’idini Thara Uddin bishwe k’umusi wa gatandatu k’umusigiti w’I New York ur’ahitwa Queens.

Urubanza rwa Morel ruzosubira gusasa k’umusi wa kane. Ashobora kuzofungwa ubuzima bwiwe bwose kandi ata n'umwe bavugana.

Amatohozwa aracabandanya kugira bamenye ko ubwo bwicanyi bufatiye k'urwanko.