RIO 2016: Simone Biles Yaratsindiye Umudali wa 4 w'Inzahabu

Simone Biles ariko ahiganwa muri Jiminastike mu nkino mpuzamakungu za Olempike za Rio, muri Brezil, ku musi wa kabiri, italiki 16, ukwezi kw'umunani, umwaka w'i 2016

Simone Biles, yatsindiye umudali w’inzahabu ugira kane, ku musi wa kabiri, ku musi wa nyuma y’amahiganwa ya jiminastike, mu nkino mpuzamakungu za Olempike, za Rio de Janeiro, mu gikhugu ca Brezil.

Simone Biles, ntiyashoboye kuba umupfasoni wa mbere atsindiye imidali itanu y’inzahabu, mu nkino mpuzamakungu za Olempike zo mu gihe kimwe.

Ivyo inyuma yuko atsitaye, mw’ihiganwa ryo ku musi wa mbere.

Ku musi wa kabiri kandi wari umusi wa nyuma wa Jiminastike, ku rwego rw’abagabo.

Ku vyerekeye amahiganwa y’ukwiruka, Umunyajamayike, Usain Bolt, azohiganwa mu gice ca nyuma c’ukwiruka imetero amajana abiri, ku musi wa kane ku muhingamo

Yatsindiye umudali wa mbere w’inzahabu w’inkino mpuzamakungu za Olempike za Rio, mw’ijowo ryo ku musi w’Imana, mw’ihiganwa ry’ukwiruka imitero ijana. Yasize gatoyi Umunyamerika, Justin Gutlin.

Gutlin, yatsindiye umudali w’umwakaka mu metero ijana azohiganwa nawe nyene mu gice ca nyuma c’ukwiruka imetero amajana abiri, ku musi wa kane.

Gushika ubu Reta Zunze Ubumnwe za Amerika, nizo ziza ubwa mbere mu gitigiri c’imidali imaze gutsindirwa.

Amerika ifise imidali 28 y’inzahabu, n’imidali 82 muri rusangi.

Ubwongereza buza mu kibanza ca kabiri, n’imidali 17 y’inzahabu, ku midali 44 muri rusangi. Ubushinwa n’ubwa gatatu, n’imidali 15 y’inzahabu, ku midali 48 muri rusangi.